Ukraine yafashe mpiri  ingabo z'abashinwa bafashaga Uburusiya kugaba ibitero

Apr 9, 2025 - 13:58
 0

Igisirikare cya Ukraine, kivuga ko cyataye muri yombi, abasirikare babiri b’u Bushinwa bafashaga ingabo z’u Burusiya kugaba ibitero mu ntara ya Donetsk.

Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ejo ku wa kabiri, hari abandi basirikare benshi b'Ubushinwa bafasha igisirikare  cy’Uburusiya. Abafashwe, ngo bari bafite n'ibibaranga, harimwo amakarata ya banki arimwo amakuru y'ibanga yabo.

Ingabo za Ukraine ngo zabanje guhangana  n’abasirikare batandatu b'Ubushinwa mbere y’uko bafata mpiri babiri.

Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga Andrii Sybiha, avuga ko ingabo z'Ubushinwa zirwanira ku butaka bwa Ukraine zituma umuntu yibaza byinshi ku byo Ubushinwa bwari bwatangaje ko bushigikiye amahoro.

Ni ku nshuro ya mbere Ukraine ishinje ku mugaragaro Ubushinwa ko buha Uburusiya abasirikare. Bwaba Uburusiya  Ubushinwa, nta ruhande na rumwe ruragira icyo rutangaza kuri ibi birego.

Zelensky avuga ko kugeza ubu Ubushinwa bwinjiye mu gufasha Uburusiya, buri kumwe n'ibindi bihugu, haba mu buryo butaziguye cyangwa buziguye, muri ino ntambara y'i Burayi ari ikimenyetso kigaragaza ko Putin afise umugambi wo gukora ikintu icyo ari cyo cyose.

SRC: BBC

Apr 9, 2025 - 14:10

What's Your Reaction?

like

dislike

love

funny

angry

sad

wow

This site uses cookies. By continuing to browse the site you are agreeing to our use of cookies.